Umusatirizi wa Barcelona na Espagne, Ansu Fati w’imyaka 20, ntiyumvikana n’umuserukizi wiwe Jorge Mendes kandi ntashaka kuva muri Barcelona ngo aje gukinira Wolves agujijwe n’umunya-Portugal akina hagati Ruben Neves w’imyaka 26. (Sport – mu ki-Espagnol)
Arsenal iri hafi yo kwemera amasezerano y’imiriyoni 100 z’amapawundi yo kugura umukinyi wo hagati wa West Ham umwongereza Declan Rice w’imyaka 24. (Guardian)
Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola ategura gusezera uno murwi igihe amasezerano afitaniye nawo azoba arangiye mu 2025. (Guardian)
RB Leipzig irondera nibura imiriyoni 75 z’amapawundi mu gihe yoramuka ifashe ingingo yo kugurisha umukinyi w’inyuma wa Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 21 kuri Manchester City. (Talksport)
Manchester City yanse ivyo yemererwa na Paris St-Germain ko yoshirako umukinyi wo hagati wayo, Umutaliyano Marco Verratti w’imyaka 30, hamwe n’umunyegori w’Umutaliyano nyene Gianluigi Donnarumma w’imyaka 24, kugira ngo irabe ko uyo murwi uherutse gutsindira ibikombe bitatu harimwo na Ligue des Champions/Champions League woyiha umukinyi wo hagati wa Portugal Bernardo Silva. (Footmercato – mu gifaransa)
Arsenal ifise ubwoba ko Chelsea ishobora kuyitwara umukinyi wo hagati wa Brighton, umunya-Equateur Moises Caicedo w’imyaka 24, mu kumwemerera amafaranga menshi gusumba. (Football Transfers)
Chelsea yashize ku nomero ya mbere y’urutonde rw’abo irondera umukinyi mpuzamakungu wa Cameroun André Onana w’imyaka 27, mu gihe irondera umunyegori mushasha, Inter Milan ikaba imuronderako nibura imiriyoni 50 z’amapawundi. (Evening Standard)
Manchester United isa n’uko izohaba yihoza ivyo kurondera umusatirizi wa Tottenham Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29, kuko aba ba-Spurs badashaka kugurisha uyu kizigenza w’Ubwongereza, cane cane ku wundi murwi wo muri Premier League. (Sky Sports)
Tottenham iriteguye kwegera Brentford kugira bavugane ku giciro c’umunyegori wa Espagne David Raya. Ariko baba aba ba-Spurs canke na Manchester United nayo nyene imwipfuza, nta n’umwe yipfuza kurekura imiriyoni 40 z’amapawundi zisabwa kuri uno mukinyi w’imyaka 27. (Sky Sports)
Umukinyi wo ku ruhande wa Crystal Palace Wilfried Zaha w’imyaka 30, yiteguye kwanka umushahara w’imiriyoni 30 z’amapawundi ku mwaka yemererwa n’umurwi wo muri Arabia Saoudite Al-Nassr, mu gihe Paris St-Germain na Marseille zipfuza kwakira muri rino ci uyu munya-Côte d’Ivoire ataco zirinze gutanga. (Guardian)
Manchester United irabandanya ibiganiro na Chelsea ku Mwongereza akina hagati Mason Mount w’imyaka 24, ariko haracari igihengeri ku giciro ciwe hagati y’iyi mirwi. (Sky Sports)
Newcastle United iriko iregeranya amafaranga kugira ngo irondere Umudagi akina hagati muri Wolfsburg Felix Nmecha w’imyaka 22, yiteze kugurishwa hafi imiriyoni 15 z’amapawundi, ikaba kandi iriko irarondera Umufaransa Khephren Thuram w’imyaka 22 akina muri Nice. (Telegraph)
Umunya-Hollande Frenkie de Jong w’imyaka 26 yariko araronderwa na Manchester United mu mwaka uheze, yiteze kubandanya akinira Barcelona mu mwaka w’inkino uza, akaba aboneka ko azoba kirumara mu nteguro z’umumenyereza Xavi. (Voetbal International, iciye kuri Manchester Evening News)
Aston Villa iriko iraraba ko yozana umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi wa Sevilla Monchi, uyu akaba yarakoranye n’umumenyereza Unai Emery muri uyu murwi wo muri Espagne. (Express & Star)
Chelsea yiteze kwikura abakinyi bashika cumi mu gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi muri rino ci. (Football London)
Christian Eriksen ashobora gufasha Manchester United mu rugamba rwayo rwo kurondera umusatirizi wa Atalanta umunya-Danemark Rasmus Hojlund w’imyaka 20. (Manchester Evening News)